Reta y’Ubushinwa yagirije i ya Zimbabwe ko itahaye agaciro gakwiriye imfashanyo ico gihugu cayihaye.
Ni inyuma yaho Zimbabwe mu biharuro vy'amafaranga ikoresha yerekanye mu ndwi iheze ko Ubushinwa buza ku rutonde rwa nyuma mu bihugu biyifasha.
Umushikiranganji w’igihugu ca Zimbabwe ajejwe ubutunzi, Mthuli Ncube, yemeza ko igihugu ciwe caronse imfashanyo ingana n’amadolari imiliyoni 194 hagati yo mu kwezi kwa mbere no mu kwezi kw’icenda. Igice kinini c'iyo mfashanyo nk'uko uwo mutegetsi abisigura catanzwe n’ibihugu vyo mu burengero.
Yavuze ko igihugu c’Ubushinwa catanze amadolari atarenga imiliyoni zitatu n’ibihumbi amajana atandatu. Abatavuga rumwe na Reta muri Zimbabwe baranebaguye iyo mvugo mu kwumvikanisha ko Ubushinwa ari soma mbike n’igihugu ca Zimbabwe.
Ambassade y’igihugu c’Ubushinwa I Harare mu gihugu ca Zimbabwe ku ruhande rwayo yarahakanye ivyo bitigiri mu kwemeza ko Ubushinwa bwatanze amafaranga arenga ayo.
Facebook Forum