Uko wahagera

Ubushinwa Busaba OMS Gutohoza muri Amerika Inkomoko ya Covid 19


Ubushinwa bwasavye Amerika gutumira ishirahamwe OMS gutohoza inkomoko y’ikiza ca Covid-19 muri ico gihugu.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru amasaha makeyi inyuma y’aho barangirije amatohoza ya mbere bakoze mu gisagara ca Wuhan, abahinga bari muri uyo murwi wa OMS bashikirije ivyo batohoje muri ico gisagara.

Ku biberekeye, abategetsi ba Reta ya Amerika batangaje ko bashaka kwihweza amakuru yakoreshejwe n’uwo murwi wasanze umugera wa Covid-19 utavuye mu kigo gikorerwamwo ibipimo, bita, “laboratoire” mu rurimi rw’igifransa, mu gisagara ca Wuhan, ko ubuhungarema bushobora kuba ari bwo soko ry’uwo mugera.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Wang Wenbin, avuga ko bipfuza ko Amerika yokorera mu muco igatumira abahinga b’ishirahamwe OMS ku butaka bwayo kugira bagire itohoza ku kiza ca Covid-19.

Ivyerekeye inkomoko y’izo kiza, cibonekeje ubwa mbere mu gisagara ca Wuhan mu mpera z’umwaka w’i 2019, vyaragiyemwo politike nyinshi cane. Ubushinwa bubandanya kuvuga ko ico kiza caturutse hanze y’imbibe zabwo.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru wa Amerika, Jen Psaki, amenyesha ko ata ruhara Reta ya Prezida, Joe Biden, yagize mu gutegura n’ugushira mu ngiro itohoza ry’ishirahamwe OMS. Ati, kubera izo mvo Amerika ishaka kwihweza mu buryo bwigenga ivyavuye muri iryo tohoza hamwe n’amakuru ryafatiyeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG