Uko wahagera

Ubushinwa Buhiga Kuzokwihora Amerika mu vy'Ubudandaji


Visi prezida w'Ubushinwa Liu He i buryo, umushikiranganji w'ubutunzi muri Amerika Steven Mnuchin, hagati, kumwe na Robert Lighthizer i bubamfu.
Visi prezida w'Ubushinwa Liu He i buryo, umushikiranganji w'ubutunzi muri Amerika Steven Mnuchin, hagati, kumwe na Robert Lighthizer i bubamfu.

Igihugu c’Ubushinwa catangaje uno musi ku wa mbere ko kizoshira amatagisi ku bidanzawa vy’agaciro k’imiliyaridi 60 y’amadolari bivuye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ubushinwa bwafashe iyo ngingo mu ntumbero y’ukwishura inyuma yuko prezida wa Amerika, Donald Trump yongereje amatagisi ku bidandazwa ry’agaciro k’imiliyaridi 200 y’amadolari bivuye mu gihugu c’Ubushinwa. Afise kandi imigambi y’ukwongereza ayo matagisi ku bindi bidandazwa bivuye mu Bushinwa vy’agaciro k’imiliyaridi 300 y’amadolari.

Ubushikiranganji bujejwe ikigega bw’Ubushinwa bwamenyesheje amatagisi mashasha y’Ubushinwa ku bibandazwa bivuye muri Amerika azova ku bice 5 kw’ijana akaja ku bice 25 kw’ijana azoja mu ngiro kw’italiki 1 y’ukwezi kwa gatandatu. Ayo matagisi azoba yerekeye ubwoko bw’ibidandazwa vyo muri Amerika 5.140 bishorerwa mu gihugu c’Ubushinwa.

Abategetsi b’Ubushinwa bavuga ko bafashe ingingo y’ukwishura kubera ukutagisha inama abandi kwa Amerika hamwe n’ikwiyugarana kw’ico gihugu mu vyerekeye ubudandaji.

Bamenyesha ko Ubushinwa butazokwigera bacika intege kubera ukuremerwa n’ibihugu vyo hanze. Bavuga ko bafise ubushobozi bw’ugukingira uburenganzira n’inyungu zabo.

Amatagisi mashasha y’Ubushinwa atangajwe amasaha makeyi inyuma yuko prezida wa Amerika, Donald Trump, mu butumwa ku rubuga Twitter, asavye Ubushinwa kutishura ku ngingo yari yafashe ubwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG