Uko wahagera

Uburusiya Bwipfuza Kubandanya Imigenderanire n'Ubudagi


Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov,
Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov,

Abategetsi b'Uburusiya batangaza ko bashaka ko imigenderanire n'abategetsi b'Ubudagi ibandanya nk’uko yari imeze. Ni inyuma y'amatora yabaye mu Budagi ku musi w'Imana.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje ko bakwirikiraniye hafi amatora yabaye mu Budagi ku musi w’imana n’ukugene ibintu bizoba biriko biragenda. Amenyesha ako naho hari ivyo igihugu ciwe n’Ubudagi bitumvikanako, ngo barahurije ku vy’uko ibibazo bishobora kandi vyotegerezwa gutorerwa inyishu biciye mu biganiro.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, avuga ururimi rw’ikidagi, yagumye akorana n’uwahora ari Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, avuga ururimi rw’ikirusiya mu kiringo c’imyaka 16 yamaze mu mabanga yiwe. Yamara ntibumvikanye ku bibazo bimwe bimwe nk’ivyerekeye ingwano muri Siriya.

Ingingo y’Uburusiya y’ukwigarurira intara ya Kirimeya hamwe n’uguha isumu umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Alexei Navalny yavuriwe mu gihugu c’Ubudagi. Uburusiya n’Ubudagi bibandanya kugirana imigenderanire myiza mu vy’ubudandaji, naho ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyafatiye ibihano Uburusiya.

Ivyo bihugu vyompi vyarakoranye mu vyerekeye guherareza umuringoti utwara umwuka utanga inguvu, naho ibihugu vy’i Bulaya biri mu buserurko bw’Ubudagi n’ibihugu bicuditse biri mw’ishirahamwe OTAN, nka Polonye n’ibihugu vyo mu karere ka Baltike hamwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, vyabirwanije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG