Uko wahagera

Uburusiya Bwagiriza EU ko Ari yo Yatumye Igiciro ca Gaz Kiduga


Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin
Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, yagiriza akarere k'Ubulaya kw'iduga ry'ibiciro vy'umwuka utanga inguvu bita gaz mu rurimi rw'igifransa. Ibiciro mu Bulaya vyaduze uno musi ku wa gatatu ku birenga ibice 25 kw’ijana bitewe n’ukwiyongera bikomeye kw’abarondera uwo mwuka mu karere ko mu buraruko bw’isi imbere y’igihe c’ubukanye.

Abagiriza Uburusiya bavuga ko bwagabanije n’impaka umwuka utanga inguvu buha akarere k’Ubulaya mu mugambi w’ukwihutisha iyugururwa ry’umuringoti utwara gaz, udahuriweko na bose uhuza Uburusiya n’Ubudagi.

Mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, umuvugizi wa Prezida Putin, Dmitry Peskov, yahakanye ivyo birego. Yabwiye abamenyeshamakuru ko ata ruhara na rumwe Uburusiya bufise mu biriko biraba ku biciro vy’umwuka utanga inguvu y’i Bulaya. Yumvikanishije ko igihugu ciwe kizobandanya kwubahiriza ivyo ciyemeje hisunzwe amasezerano ahari muri iki gihe.

Sosiyete y’amasoko ntanganguvu ya Reta y’Uburusiya, Gazprom yaratangaje mu kwezi guheze ko umuringoti utwara umwuka utanga inguvu, w’agaciro k’imiliyaridi 12 y’amadolari waherahejwe. Uburusiya bumenyesha ko kuwugurura bizofasha kurwanya ikibazo c’amasoko ntanganguvu mu Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG