Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibitero ku Birindiro vy'Abarwanyi muri Siriya


Indege z’Uburusiya zagavye ibitero bibiri ku birindiro vy’intagondwa ziyitirira Reta ya Kiyisilamu muri Siriya. Ni vyo bitero vya mbere bigabwe ku birindiro vy’abo barwanyi kuva aho Uburusiya bwari bumaze iminsi bwaratanze agahengwe mu burere bukunze kugabamwo ibitero.

Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Siriya rwavuze ko ivyo bitero vyagabwe mu karere kitwa Kabani kari mu buraruko bwa Siriya. Ivyahononekariye ntibiratangazwa.

Urwo runani rwemeje ayo makuru ruvuga ko imbere y’uko Uburusiya butanga agahengwe, ibitero vya Reta ya Siriya n’Uburusiya ku barwanyi biyitirira Reta ya Kiyisilamu vyahitanye abasivile 960.

Intambara yo muri Siriya yatanguye mu 2011 imaze guhitana abagera ku 370.000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG