Uko wahagera

Uburundi Ntibugipima SIDA Uwari we Wese Avyipfuza


Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA mu Burundi buheruka gufata ingingo yo kudapima umugera wa SIDA abavyifuza bose kiretse abafise ibimenyetso vy’uwo mugera canke uwo baketse ko awufise.

Ubwo bushikiranganji busigura ko ibitigiri vy’abandura SIDA mu Burundi vyagabanutse cane, kubandanya bapima abantu bose bavyifuza bitakiri ngombwa kuko bitwara amafaranga menshi.

Muganga Thaddée Ndikumana atwara ubwo bushikiranganji agira ati: “Imiti dukoresha irazimvye. Dumpimye Abarundi bose, abagendana umugera wa SIDA ni 0,9%. Tugumye tugura iyo miti, uburyo buzoba bwinshi cane."

Abanyagihugu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika basaba ko iyo ngingo yovanwaho. Bemeza ko ugiye kwipimisha bisa nkuko bagupimisha ijisho kuko bakubaza ibibazo bitandukanye kugira bumve ko woba waranduye, utavyishura neza ntupimwe.

Amashirahamwe avugira abarwayi mu Burundi asaba Reta kutaguza ubuzima bw’abantu amafaranga, hakagwizwa ibibanza vyo gupimiramwo abavyifuza.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Desire Hatungimana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG