Reta y'Uburundi imenyesha ko vyanka vyakunda imigenderanire hagati y'ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika n'ubumwa bwa Bulaya ibwirizwa kunagurwa.
Kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu Albert Shingiro yatanguje ku mugwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura ibiganiro hagati ya Reta n'abaserukira uwo muryango.
Umushikiraganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro yemeje ko amatati n’ukutumvikana vyibonekeje hagati y’igihugu ciwe n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bitakigira ishingiro. Yizeza ko ubu ivyo bibazo bibwirizwa gufatwa nka kahise.
Albert Shingiro amenyesha ko ata mahitamwo abiri ahari. Yavuze ko ibiganiro ari ngombwa kandi bitanga umusaruro mwiza.
Claude Bochu aserukira ubumwe bwa Bulaya mu Burundi nawe nyene yerekanye ko ata yindi nzira ibintu bitegerezwa gufata atari iy’umwumvikano.
Inyuma y’umubonano wo kuri uyu wa kabiri, hateweko igikumu amasezerano yo gukomeza ibiganiro n’umwumvikano, ariko nta kintu kindi kinini cashikirijwe.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yavuze muri make ko ibiganiro bigiye gukomeza.
Ubumwe bwa Bulaya bwahagaritse imigenderanire na Reta y’Uburundi mu ntango z’umwaka w’i 2016, buyagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu no kwanka kuvugana n’abatavuga rumwe nayo.
Kuva ico gihe bwahagariste imfashanyo bwaha Reta buhitamwo kuyicisha mu mashirahamwe yigenga n’ibindi bisata vya ONU bikorera muri ico gihugu co mu buseruko bwa Afurika.
Ibi bihano, abategetsi b’Uburundi ntibahengeshanije kuvyita “ ivy’agahotoro” basaba ko vyokurwaho.
Facebook Forum