Uko wahagera

Uburundi Bwongereje Amafaranga 30 Ku Kiro c'Amababi y'Icayi


Bamwe mu Barimyi b'Icayi mu Burundi
Bamwe mu Barimyi b'Icayi mu Burundi

Abarimyi b'icayi bagiye kubukura mu cibo kuko Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo kwongereza igiciro c’ico giterwa njabukamazi. Ikilo kimwe cavuye ku mafranga 250 y'amarundi kija ku mafranga 280. Abarimyi b’icayi barashima, bakavuga ko ico giterwa kibatungiye imiryango ndetse kikabafasha no kwiteza imbere.

Ubushikiranganji bw’umurimyi bwemeza ko icayi kiri mu biterwa bitatu njabukamazi bizanira amafranga y’agaciro igihugu iruhande y’Ikawa n’ipampa. Igiciro c’icayi congeweko amafaranga 30 ku kiro ni igishorwa gihejeje gusoromwa kikiri amababi.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, Deo Guide Rurema, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura, yasiguye ko ari mu ntumbero yo gutera intege abarimyi b’icayi basa n’abariko baradebukirwa.

Icayi ni igiterwa kimwe muri 3 njamukamazi iruhande y’Ikawa n’Ipampa. Kirimwa cane cane mu mitumba miremire, n’abarimyi barenga ibihumbi 60 nk’uko ihinguriro ry’icayi OTB (Office du Thé du Burundi) rivyerekana. Abanyamugamba, I Tora no mw’Ijenda, mu Ntara za Bujumbura, Mwaro na Bururi harimwa icayi cinshi barashima ako karusho bahawe na reta, yamara bakavuga ko ayongewe ari make bagereranije n’uburyo bakoresha kugira umwimbu mwiza uboneke. Ico bikoze baremeza ko Icayi kibafitiye akamaro kanini.

Aha ubushikiranganji bw’uburimyi buhamagarira abo barimyi b’Icayi kugwiza umwimbu n’indimiro kugira igiciro bifuza kizoboneke. Abarima Icayi, baratahura cane iciyumviro co kugwiza indimiro, bakemeza ko bamaze kugishira mu ngiro. Ihinguriro ry’Icayi OTB ryerekana ko ubu rifise imirima y’Icayi iri ku mahegitare arenga ibihumbi 10 mu gihugu cose. Ku mwaka ku mwaka ubu haboneka amatone arenga ibihumbi 11, yinjiriza igihugu amafranga y’agaciro, kanatsina Icayi c’Uburundi gifise akanovera keza nk’uko ihinguriro OTB ribishimangira.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru

Reta y'Uburundi Yadugije Igiciro c'Ikiro c'Icayi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:32 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG