Uko wahagera

Uburundi Bwiyamiriza Umukuru w'Umuryango w'Ubumwe bw'Afurika


Moussa Faki yakagirizwa kuba yashatse gushigikira bamwe mu bagirizwa igandagurwa rya perezida Melchior Ndadaye.
Moussa Faki yakagirizwa kuba yashatse gushigikira bamwe mu bagirizwa igandagurwa rya perezida Melchior Ndadaye.

Leta y’Uburundi iriyamiriza umukuru w’akanama k’ubumwe bwa Afrika, ikamwagiriza gushaka kwivanga mu rubanza rw’abagirizwa igandagurwa ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior Ndadaye.

Biri mw’ijambo ryasomwe n’umwe mu bategetsi b’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu inyuma y’imyiyerekano yatunganijwe kuri uno wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura.

Abitavye iyo myiyerekano bayitanguriye ku kibanza citiriwe Nations Unies muri zone Ngagara. Bari bitwaje ivyandiko bitandukanye. Bimwe vyiyamiriza Moussa Faki Mahamat arongoye akanama k’ubumwe bwa Afrika kuba yashikirije amajambo bita yo kwivanga mu butungane bw’Uburundi.

Akagirizwa kuba yashatse gushigikira bamwe mu bagirizwa igandagurwa rya perezida Ndadaye.

Iyo myiyerekano yari yatewe iteka ku ruhande rwa Leta n’umwunganizi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Mw’ijambo rya Leta ryasomwe na Tharcisse Niyongabo harimwo kwiyamiriza Moussa Faki ivuga ko yivanze muri dosiye Ndadaye.

Uwo mutegetsi yakuriye inkoni ku gishitsi abibaza ko urubanza kw’igandagurwa ry’uwo mukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu ari urwa wa murwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi.

Asigura ko Ndadaye atishwe mu ntambara kuko atayari ihari, agatera intege nyabuna ubutungane bw’Uburundi gukora akazi kabwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG