Kuri uyu wa gatatu, Uburundi bwibutse imyaka 60 irangiye hishwe umuganwa Louis Rwagasore yarondeye intahe y'ukwikukira kw'ico gihugu.
Umugambwe UPRONA yakomokamwo usaba igihugu c'Ububiligi cagirizwa kuba caragize uruhara mw'iyicwa ryiwe gusaba imbabazi Abarundi nk'uko cabikoze kuri Congo muri dosiye ya Patrice Lumumba.
Abaserukira imigambwe itandukanye ico bahurizako muri kino gihe n'uko hakiri impinga ndende kugira ivyo Rwagasore yifuza bishikwekwo na cane cane mu bijanye n'ubutungane bwuzuriza bose.
Umviriza inkuru yose ngaha ku Ijwi ry'Amerika.
Facebook Forum