Uko wahagera

Uburundi Bwahagurukiye Kurwanya Amabi Akorerwa Abakenyezi


Abagize umuhari w’abakenyezi uharanira amahoro n’umutekano (MFFPS)

Imelde Sabushimike, umushikiranganji afise mu nshingano ziwe agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina, ahamagarira abajejwe intwaro n’umutekano guhagurikira kurwanya ayo mabi.

Iminsi 16, kuva italike 25 z’ukwezi kwa 11 gushika italike 10 uko umwaka utashe amakungu yayihariye kurwanya amabi afatiye ku gitsina muri rusangi, vy'umwihariko ayakorerwa abakenyezi n’abakobwa.

Mu gihe, iryo sekeza ryasozerewe kuri uyu wa kane, mu Burundi umuhari w’abakenyezi uharanira amahoro n’umutekano “Mouvement des Femmes et Filles pour la Paix et la Sécurité au Burundi (MFFPS)” watangaje ko ayo mabi akibangamiye abarundikazi batari bake nk’uko uwo muhari wabisanze mu matohoza wagize.

Sophie Shima umuvugizi w’uwo muhari, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abarenga 50 bahuye n’amabi atandukanye mu mezi atatu aheze, harimwo kwicwa no gufatwa kunguvu.

Ibirori vyo gusozera iryo sekeza mu Burundi vyabereye muri Komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura rural.

Imelde sabushimike, umushikiranganji akurikirana ivy'agateka ka zina muntu no kunganisha ibitsina, ahamagarira abajejwe intwaro n’umutekano guhagurikira kurwanya ayo mabi.

Ico bikoze, umuhari w’abakenyezi, ugwiriyemwo abahunze abandi bakaba bakiri mu gihugu, ubona ko hakiri ugukingiranira ikibaba, bigatuma abakora ayo mabi badahanwa.

Igihe iryo sekeza ryatanguzwa, mu ntara ya Muramvya, icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yari yamenyesheje ko ata kindi kizorandurana n’imizi ayo mabi atari ugushengeza abayakora.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifata iyi iminsi 16 nko gukangurira abantu bose cane cane inzego za reta gukingira agateka k’abagore. Yamara, ONU ibona ko ari igikorwa ca minsi yose n’inyuma y’iryo sekeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG