Uko wahagera

Uburundi Bwahagaritse Uburovyi mu Biyaga vya Tanganyika na Rweru


Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo baherutse gufata ingingo yo guhagarika uburovyi mu Kiyaga Rweru. Iyo ngingo nk’uko amakuru dukesha abegereye abarovyi bakorera muri ico kiyaga abivuga, yafashwe inyuma y’uruhererekane rw’amasasu yahitanye ubuzima bw’umusirikare w’Umurundi kw’italiki 8 z’uku kwezi kwa gatanu.

Ayandi makuru dukesha abari mu Kirundo kandi yemezwa na bamwe mu bajejwe intwaro muri iyo ntara, avuga ko iyo ngingo yafashwe ku mvo z’umutekano ku mbibe muri iki gihe hasigaye imisi mike ngo Abarundi baje mu matora.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bakaba bamaze gutangaza ko abasirikare b’Uburundi barasanye n’abasirikare b’u Rwanda mu gihe bariko batesha ko abo basirikare b’u Rwanda batwara abarovyi b’abarundi bari bafashwe.

Iyo ngingo yo kwugara uburovyi mu kiyaga Rweru mu gihe c’amatora, ije ikurikira iyindi ngingo nk’iyo yo kugara uburovyi mu kiyaga Tanganyika kigabura igihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo n’Uburundi.

Iyo ngingo ikaba iherutse gufatwa n’umushikiranganji Deo Guide Rurema arongoye ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije. Uwo mutegetsi akaba yamenyesheje ko yafashe iyo ngingo ku mvo zo gukingira umutekano muri iyi misi Uburundi bugiye kwinjira mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG