Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yafashe Imitungo y'Abagirizwa Guhakwa Guhirika Ubutegetsi


Aimée Laurentine Kanyana ni umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi
Aimée Laurentine Kanyana ni umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi

Urwandiko rusigura ivyo gufata iyo mitungo rwashizwe ahabona kuri uno wa gatatu. Ubushikiranganji bw'ubutungane mu Burundi bwavuze ko sentare nkuru y'igihugu yategetse ko imitungo y'aberwa na dosiye RPMG 697/ bis/MA/BVNTH yose ifatwa.

Aberwa n'iyo ngingo ni abantu 32 bagizwe ahanini n'abagirizwa kuba barahatswe guhirika ubutegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015. Abo barimo abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Gitega, abahoze mu mugambwe CNDD-FDD bakawuvamwo bavuga ko badashigikiye manda ya gatatu ya Nkurunziza n'abamenyeshamakuru bakorera amaradiyo yaturiwe mu 2015.

Hambavu y'abo 32 sentare nkuru yategetse ko bafatirwa imitungo, reta ivuga ko hari inyubakwa 15 z'abagabo indwi begwa na dosiye RPA 859 ziza zafashwe.

Abo zafashwe bagizwe na Niyungeko Juvenal batazira Kiroho yafatiwe inyubakwa zibiri, Nimenya Hermenegilde nawe yafatiwe inyubakwa 2, Cyrille Ndayirukiye yanyazwe inyubakwa zitanu, Ndabaneze Zenon yatwaye inzu imwe, Prime Ngowenubusa batwaye inyubakwa imwe, Sylvestre Mikororo yatwawe inzu imwe, Eric Ntahomvukiye nawe bamutwaye inyubakwa imwe kimwe na Kazungu Michel na Prosper Nkurunziza.

Ijwi ry'Amerika ntirirashobora kumenya ikigize izo nyubakwa sentare yemeza ko yafashe kw'igenekerezo rya gatanu uku kwezi kwa gatanu n'igiciye iyo mitungo yose. Umwe mu bari kuri urwo rutonde yabwiye Ijwi ry'Amerika ati:" Nta gitangaje na kimwe kuri burya butegetsi, twari tuvyiteze."

Sentare nkuru mu gihugu c'Uburundi isaba abo vyega bose kwihutira gushira mu ngiro ivyo yategetse mu ntumbero yo kurinda ico yise "Kwononekara kw'iyo mitungo.", ibwirizwa gushikirizwa Reta bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG