Uko wahagera

Uburundi Busaba Amakungu Kutivanga muri Politiki Yabwo


A resident looks out through a gap in the barrier at a residential area during lockdown, amid the COVID-19 pandemic, in Shanghai, China.
A resident looks out through a gap in the barrier at a residential area during lockdown, amid the COVID-19 pandemic, in Shanghai, China.

Inama nshingamateka y’Uburundi iriyamiriza ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’umuryango w’ubumwe bwa Afurika inyuma yaho kuri uno wa gatandatu, iryo shirahamwe ritereye ivyatsi isohorwa ry’imitahe mpuzamakungu ku bantu 17 barimwo uwahoze ari perezida w’Uburundi Pierre Buyoya.

Reta y'Uburundi ibagiriza kuba boba baragize uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye mu 1993. Mu kiganiro uwuvugira inama nshingamateka yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu yasavye amakungu kutisuka mu biraba Uburundi, asigura ko ari igihugu cikukiye kandi cigenga, yongera ashimira ubutungane ku gikorwa buriko burakora kuri dosiye ya Perezida Ndadaye.

Mu ndwi iheze, umuryango w’ubumwe bwa Afurika wasohoye itangazo risaba Uburundi kwirinda ingingo zose zaba iza politike canke iz’ubutungane zoza zisongera isibe amatati ari mu Burundi zikongera zikabera intambamyi itorwa ry’umuti wayo. Alexis Badian Ndayihimbaze avugira inama nshingamateka yavuze ko ibiri muri iryo tangazo ata shingiro na rito bifise.

Major Pierre Buyoya yahoze ari perezida w’Uburundi akaba ari nawe asanzwe aserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika muri Mali mw’itangazo yasohoye mu ndwi iheze yasiguye ko iyo mitahe ata kindi igamije atari imvo za politike no gusamaza amakungu n’abanyagihugu. Yagabishije ko amacakubiri afatiye ku moko ashobora kwaduka mu Burundi umwanya n’umwanya.

Perezida Buyoya muri iryo tangazo yagirije Reta y’Uburundi kuba iriko ica kubiri n’amasezerano ya Arusha atomora ko dosiye y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye itegerezwa gutorerwa inyishu n’umurwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha Abarundi CVR.

Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi yamara mu kiganiro n’abamenyeshamakuru c’uno munsi yavuze ko umurwi ujejwe gutohoza ukuri n’ukunywanisha Abarundi ata bubasha ufise bwo guhagarika amatohoza ubutungane bw’Uburundi buriko burakora.

Imitahe mpuzamakungu y'abantu 17 bakekwa kuba baragize uruhara mw’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye barimwo Petero Buyoya yigeze kuyobora Uburundi, abahoze mu gisirikare n’abigeze kuba mu nzego z’umugambwe Uprona yasohowe kuri uno wa gatanu.

Abandi basohorewe imitahe hambavu ya Buyoya ni Pascal Simbanduku, Alfred Nkurunziza, Mamert Sinarinzi, Jean Bosco Daradangwe, Bernard Busokoza, Vincent Niyungeko, Juvenal Nzosaba, Jean Ngomirakiza, Jean-Paul Kamana, Charles Ntakije, Astere Girukwigomba, Libere Bararunyeretse, Luc Rukingama, Charles Mukasi, Antoine Nduwayo na Janvier Baribwegure yitavye Imana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG