Uko wahagera

Uburundi Buriko Buriga Ingene Bugabanya Intara n'Amakomine


Zimwe mu ntara zigize Uburundi
Zimwe mu ntara zigize Uburundi

Mu Burundi, umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati amenyesha ko hariko harigwa umugambi wo kugabanya intara n'amakomine bigize ico gihugu. Gervais Ndirakobuca asigura ko bitakiri ngombwa ko Uburundi bugira intara n’amakomine bufise muri kino gihe ca none. Yemeza ko ata terambere ry’abanyagihugu rishoboka hakiri intara zirenga cumi n’amakomine arenga 100.

Amenyesha ko mu bimaze kuboneka hari n’amakomine bigora kwegeranya amakori n’amatagisi bitewe ko ata n’isoko ya kirazira afise. Uku ni ko Ndirakobuca atwara ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati yabisiguriye ba buramatari n’abakuru b’igipolisi mu ntara z’Uburundi.

Uyu mugambi wo kugabanya intara n’amakomine wari mu yashizwe imbere n’umukandida yigenga Francis Rohero yari yitoreje ikibanza c’umukuru w’igihugu muri 2020. Yabwiye Ijwi ry'Amerika ko iki ciyumviro kije hageze umuntu arabiye ku bantu ubu baba ku kilometero kwadarato mu Burundi.

Umushikiranganji Ndirakobuca hari n’ikindi ashaka: ko abatwara intara n’amakomine batwara imirava kandi yinjiriza igihugu vy’ukuri. Ariko Rohero yari umukandida yigenga mu matora ya perezida y’umwaka uheze asanga hakwiye kugishwa inama abahinga kugira ntihapfe akokize.

Mukurindira ko batumwako, Francis Rohero yibaza ko intara zitarenga zitanu zotuma isi ndimwa yiyongera n’amahinguriro akagira ibibanza bikwiye abarizwamwo kandi iterambere rikihuta ku munyagihugu. Igihugu c’Uburundi kugeza ubu kigizwe n’intara 18 zirimwo imigwa mikuru ya politike Gitega n’ubutunzi Bujumbura hamwe n’amakomine 119.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG