Uko wahagera

Uburundi Buhakana ko Ata Murundi Bwanse Kwakira Yirukanywe na USA


Leta y'Uburundi yemeza ko itigeze yanka kwakira Abarundi boba barirukanywe muri Amerika nk'uko ico gihugu giherutse kubitangaza kikanafata ingingo yo kwima visa Abarundi bifuza kuja muri Amerika havuyemwo abubahwa bo muri Leta n'abakorera amashirahamwe mpuzamakungu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Ezechiel Nibigira, umushikiranganji w'imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yamenyesheje ko inzego z'iperereza zasanze mu bari birukanywe harimwo abatari Abarundi baronse impapuro z'inzira z'Uburundi za magendu.

Yavuze kandi ko ata migenderanire hagati y'igihugu ciwe na Amerika izohungabanywa n'iki kibazo. Umvuriza aho hepfo ibindi kuri ino nkuru

Uburundi Buhakana ko Ata Murundi Bwanse Kwakira Yirukanywe na USA
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:05 0:00


I

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG