Uko wahagera

Amerika Yafashe Ingingo yo Guhagarika Gutanga ama visas ku Barundi


 Mike Pompeo ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu
Mike Pompeo ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu

Amerika yafashe ingingo yo guhagarika gutanga ama visas ku Barundi bose kiretse izihabwa aba diplomate, n'abakozi bakorera amashirahamwe mpuzamakungu, bazozihabwa barinze kwerekana ko baje mu kazi.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona uno munsi n'ubushikiranganji bujejwe umutekano w'Amerika, bwavuze ko ico cemezo catanguye gushirwa mu ngiro igenekerezo rya 12 uku kwezi kwa gatandatu.

Amerika ivuga ko ari ingingo yafashe kubera ko Uburundi bwanse kwakira Abarundi birukanywe ku butaka bwayo. Reta y'Amerika isigura ko yasavye akatari gake Uburundi kwakira abo banyagihugu, ibicishije mu nzego zo hejuru ariko Uburundi ntibwigere bwishura ku makete bwarungikiwe.

Ijwi ry'Amerika ryagerageje gucengetera mu bari muri Reta mu Burundi ngo twumve umuce w'Abarundi birukanywe ariko abakunze kuduha amakuru batubwira ko atabo bazi. Igisata c'igifaransa kw'Ijwi ry'Amerika naco caciye ku buserukizi bw'Amerika I Bujumbura mu ntumbero yo kumenya ico reta ivuga kuri ino ngingo, ariko gushika ino saha ntaco abategetsi b'Uburundi baratangariza ambassade.

Tuzokomeza tubarize ku ruhande rwa Amerika twumve ko hari ico batangaza ku bijanye no kumenya umuce w'Abarundi babwirizwa gusubizwa inyuma, uko bangana, ico bazira, na ryari babwirizwa kuva ku butaka bw'Amerika.

Hagati aho, Amerika ivuga ko ino ngingo izohaguma gushika Uburundi bwemeye kwakira abanyagihugu babwo yirukanye. Ino ngingo ishizwe ahabona inyuma yaho ejo ku wa kane, Amerika yari yatangaje ko yipfuza ko imigenderanire hagati y'ico gihugu n'Uburundi inaguka inyuma y'irahira ry'umukuru w'igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye.

Amategeko y'Amerika avuga ko ico gihugu kiramutse hari umunyagihugu akomoka ahandi cirukanye, gifise amezi atandatu akaba yasubijwe igihugu ciwe. Bitagenze uko, uwirukanywe ahabwa uburengazira bwo gukomeza aba muri Amerika mu mwidegemvyo wose.

Bamwe mu Barundi baba ku butaka bw'Amerika bakunze kumvikana inyuma y'imvururu zo mu 2015, basaba ubutegetsi bw'Amerika kwima ubuhungiro imiryango y'abategetsi bamwe bamwe, babagiriza kuba "bemeza ko ata mutekano muke wigeze urangwa mu Burundi kuva mu 2015."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG