Uko wahagera

Uburimyi mu Burundi Burakaneye Kugarukigwa


Abize uburimyi mu Burundi benshi umuntu asanga bicaye barondera akazi batanaronka kandi hari ibintu vyinshi vy’ugukora bidakogwa

Mu kiganiro Gratien Rukindikiza, ayoboye Association, “Ubuvukanyi” ijejwe guteza imbere abanyagihugu yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko uburumyi mu Burundi bwamye butitabwaho bikwiye. Amenyesha ko abize uburimyi mu Burundi benshi umuntu asanga bicaye barondera akazi batanaronka kandi hari ibintu vyinshi vy’ugukora bidakogwa.

Rukindikiza avuga ko ata bintu bishasha bihaba ku vyerekeye guteza imbere uburimyi mu Burundi kandi hari ama Sosiyete nka ISABU ajejwe guteza imbere ubwo burimyi.

Ku bwiwe ngo amaboko arahari, ikibuze n’ivyiyumviro.

XS
SM
MD
LG