Uko wahagera

Uburayi Bwasabye Biden Kuyobora Amahanga mu Kurwanya Covid 19


Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya usaba Joe biden yatowe kuba prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika kuyobora amakungu mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca Covid-19.

Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya, Josep Borrell, avuga ko amakungu akeneye ubuyobozi bwa Amerika. Yasavye perezida yatowe Joe Biden gufata iya mbere, inyuma y’uko reta ya Prezida Trump inebaguwe bikomeye ku kwikwega kwayo mu gutorera umuti ikiza ca Covid-19.

Umutegetsi w’Ubulaya, Borrell, avuga ko gusubira gufata ikibanza co kuyobora no gufasha amakungu bizova kuri Amerika. Yongeraho ko amakungu ahanganye muri uyu mwaka n’ikibazo gikomeye cane c’ugucandaga abanyagihugu, kandi ko Covid-19 ari co kiza ca mbere kigeramiye amakungu, mu gihe ubuyobozi bwa Amerika bwabuze kandi bukenewe cane.

Borrell yatangaje ko umuryango w’ubumwe bwa Bulaya buzoshigikira abategetsi ba Reta ya Amerika. Yumvikanisha ko ugusubira kwa Amerika mu masezerano yerekeye ihindagurika ry’ibihe yateweko igikumu i Paris mu Bufransa mu mwaka w’i 2015 no mu masezerano yerekeye ubuhinga bwa nucleaire n’igihugu ca Irani bizotuma amakungu arangwa n’umutekano kurushiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG