Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwahagaritse Ibihano ku Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'umutambukanyi wiwe

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ejo ku wa kabiri ryakuyeho ingingo zari zafashwe mu mwaka w’i 2016, zari zigenewe uguhagarika guha Reta y’Uburundi imfashanyo y’amafaranga.

Kubera ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ryakuyeho ingingo zari zafashwe mu mwaka w’i 2016, rirashobora gusubira kubandanya gufashanya n’Uburundi.

Iyo ngingo yafashwe ejo ku wa kabiri yafatiye ku migambi ya poritike yerekeye kugarukana amahoro mu gihugu c’Uburundi yatanguranye n’amatora yabaye mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka w’i 2020 yatanze icizere gishasha ku Barundi.

Kuva habaye amatora mu mwaka w’i 2020, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryarakiye neza intambwe Reta y’Uburundi yakoze ku bijanye n’agateka ka muntu, ubuyobozi bubereye hamwe n’iyubahirizwa ry’amategeko.

Vyongeye igitigiri kinini c’Abarundi bari bahunze igihugu barahungutse ku gushaka kwabo. Gufashanya n’amakungu hamwe n’ibihugu bibanyi vy’Uburundi vyarasubiye gukomezwa.

Yamara iryo shirahamwe rivuga ko hakiri ibibazo bikibandanya mu bisata bijanye n’agateka ka muntu, intwaro ibereye, kunywanisha abanyagihugu n’iyubahirizwa ry’amategeko. Iyindi ntambwe muri ivyo bisata yogirira akamaro Abarundi bose.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya, hamwe n’abandi bakorana n’Uburundi bariteguriye gufasha abategetsi b’Uburundi mu twigoro twabo tubandanya two gutsimbataza inzego za demokarasi, ivyerekeye agateka ka muntu, ubuyobozi bubereye, iyubahirizwa ry’amategeko, hamwe no gushira mu ngiro ivyo biyemeje ku bijanye no gutera iyindi ntambwe muri ivyo bisata.

Inyuma y’uko ibintu bibaye nabi mu gihugu c’Uburundi mu gihe c’imbere y’amatora y’abashingamateka n’ay’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa gatandatu n’ukwezi kw’indwi mu mwaka w’i 2015, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya ryabona ko Uburundi butariko bwubahiriza ibintu bisabwa biri mu ngingo y’icenda y’amasezerano yo gukorana hagati y’iryo shirahamwe n’ishirahamwe ACP ry’ibihugu vyo ku migabane ya Afrika, Karayibe na Pasifike. Iryo shirahamwe ryari ryaciye rifata ingingo zo guha Reta y’Uburundi imfashanyo y’amafranga.

Abari mu mashirahamwe arimwo ayigenga akorera hanze y'igihugu bo yamara babicishije mu vyegeranyo vyabo bitandukanye, bavuga ko mu Burundi ata kinini kirahinduka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG