Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bugona Iki ku Matora ya Madagaskari?


Hery Rajaonarimampianina ari mu bitoje
Hery Rajaonarimampianina ari mu bitoje

Umukuru w’umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya wari ujejwe kugenduza amatora y’umukuru w’igihugu muri Madagaskari, uyu musi ku wa gatanu yatangaje ko amahinyu yabonetse mu matora, ari mato cane ku buryo adashobora guhindura ivyayavuyemwo.

Hery Rajaonarimampiano ariko yitoza mu kiringo kigira kabiri, ari mu banyapolitike batatu bari imbere y’abandi mu majwi yatohojwe. Abo bidoze bavuga ko ayo matora yabayemwo amahinyu, arimwo abantu batoye batanditswe, ibiro vy’amatora vyuguruye bitevye hamwe n’iterabwoba ryakorewe abariko baratora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG