Uko wahagera

UE Yafatiye Ibihano Abirengagije Ingingo Iziririza Ibirwanisho muri Libiya


Umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi uno musi kuwa mbere wafatiye ibihano amasosiyete 3 kubera yarenze ku ngingo ya ONU iziririza ibirwanisho muri Libiya

Ayo masosiyete yafatiwe ivyo bihano ni ayo mu bihugu vya Turkiya, Kazakistani na Yordaniya.

Inama isanzwe y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi i Bruxelles yafashe ingingo zizozibira amatungo y’ayo masosiyete, zongere ziyaziririze kugirira imirimo y’ubudandaji mu bihugu vyose bigize uwo muryango.

Abantu babiri ku giti cabo na bo nyene bafatiwe ibihano kubera barungika ibikoresho vya gisirikare muri Libiya.

Umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ufise amato y’ingwano akorera mu mazi yegereye Libiya. Ajejwe kwubahiriza ishirwa mu ngingo ry’ingingo iziririza ibirwanisho muri ico gihugu n’ugutororokanya amakuru y’iperereza ku bayirengako.

Libiya yaranzwe n’akajagari mu kiringo kigera ku myaka cumi kuva umugumuko wari ushigkiwe n’ishirahamwe OTAN utembagaje ukongera ugahitana mu mwaka w’i 2011 umutegetsi yatwaza agahotoro, Muammar Gaddafi.

Yamara hari ibimenyetso ko hariko haraba intambwe mu nzira y’amahoro mu gihe abaserukira impande zitana mu mitwe muri ico gihugu bahuye mu biganiro vy’amahoro mu gihugu ca Maroke. Ni inyuma y’uko izo mpande zitangaje giturumbuka agahengwe zikemera ko amatora aba mu gihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG