Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b'umuryango w'ubumwe bw'Ubulayi babonanye i Buruseri uno musi ku wa mbere na Svetlana Tikhanovskaya ayoboye abatavuga rumwe na reta muri Biyerorusiya.
Mu byo baganiye, harimo gufatira ibihano abategetsi batari bake ba Biyerorusiya, bashobora kuba barimwo Prezida Alexander Lukashenko.
Tikhanovskaya yasavye umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya kwerekana ubutwari kurushiriza mu gufata ingingo zigenewe gufasha urugamba rw’abatavuga rumwe na reta rw’ukurwanya intwaro y’agahotoro ya Prezida Lukashenko.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yuko Tikhanovskaya abonanye n’abo bashikiranganji, umutegetsi mukuru ashinzwe imigenderanire muri uwo muryango, Josep Borell, yavuze ko yabaciriye ku mayange ku kugene ibintu vyifashe muri Biyerorusiya.
Yamenyesheje ko bashimishijwe n’ubutwari bw’abanyabiyerorusiya, cane cane abapfasoni bo muri ico gihugu berekanye ubuyobozi bw’ukuri, kandi ko umuryango w’Ubulaya utemera Lukashenko nka prezida yemewe wa Biyerorusiya.
Imyiyerekano y’ukwiyamiriza Prezida Lukashenko yarabandanije mu bisa n’urutavanako kuva atangaje ko yatsinze amatora yaranzwe n’amatati yabaye kw’italiki 9 y’ukwezi kw’umunani. Yakoresheje inguvu hamwe n’uguta abatavuga rumwe nawe mu mvuto mu ntumbero y’ukubanumya.
Facebook Forum