Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Busaba Umutekano muri Tuniziya Bidatevye


Umuryango w'ubumwe bw'Ubulaya wasavye ko umutekano ugaruka bidatevye mu gihugu ca Tuniziya, inyuma y’uko umushikiranganaji wa mbere yirukanywe mu mabanga yiwe.

Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya, Josep Borrell yatangaje ko urwo rwego ruriko rukurikirana hagufi ibiriko bibera muri Tuniziya. Amenyesha ko basavye umutekano w’inzego za politike zisubizwaho mu buryo bwihuta bushoboka, cane cane ko imirimo y’inama nshingamateka yobandanya, hamwe n’iyubahirizwa ry’uburenganzira ngenderwako n’ukwirinda uburyo bwose bukoresheje inguvu.

Borrell avuga ko kubungabunga demokrasi n’umutekano w’igihugu ari ibintu vyoshimikirwako kurusha ibindi. Yarashimikiye ku mfashanyo y’amafranga umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya wahaye Tuniziya hamwe n’ukurwanya ikiza ca Covid-19.

Ico gihugu caragiye mu bibazo bikomeye vya politike ku musi w’Imana urangiye inyuma yuko Prezida Kais Saied yirukanye umushikiranganji wa mbere, Hichem Mechichi mu mabanga yiwe, ategeka inama nshingamateka guhagarika imirimo yayo mu kiringo c’imisi 30. Ingingo umugambwe ukomeye cane mu gihugu, Ennahdha wavuze ko ari kudeta.

Iyo ngingo yakwiririkiye ukutumvikana hagati ya Prezida Saied n’umukuru w’umugambwe Ennahdha, Rachel Ghannouchi, vyageramiye urugamba rw’ukurwanya ikiza ca Covid-19 mu gihe ibitigiri vy’abandura uwo mugera vyiyongeye bikomeye cane. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG