Uko wahagera

Ubumwe bwa Afurika Bwahagaritse Sudani Muri Uwo Muryango


​​Patrick Kapuwa atwara akanama kajejwe amahoro n'umutekano muri AU mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Addis Abeba
​​Patrick Kapuwa atwara akanama kajejwe amahoro n'umutekano muri AU mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Addis Abeba

Umuryango w’ubumwe bwa Afurika kuri uno wa kane watangaje ko igihugu ca Sudani kibaye kirahagarikwa muri uwo muryango gushika abasirikare bahaye ubutegetsi abasivile.

Akanama kajejwe amahoro n'umutekano muri UA katangaje iyo ngingo kabicishije ku rubuga rwa Twitter kasiguye ko ari yo nzira yonyene uwo muryango wabonye ishobora gutuma agahengwe kaboneka muri Sudani.

Patrick Kapuwa atwara ako kanama mu kiganiro n’abamenyeshamakuru I Addis Abeba muri Etiyopiya yavuze ko hari n’ibihano bigiye gufatirwa abantu bose bakomeje kubera intambamyi umugambi wo guha abasivile ubutegetsi.

Uwahoze ari Prezida wa Sudani Omar al-Bashir aceguzwa mu kwezi kwa kane k’uyu mwaka inyuma y’imyiyerekano y’abanyagihugu y’urutavanako, UA yari yahaye iminsi 15 abasirikare bafashe ubutegetsi kugira babuhe abasivile.

Ico kiringo kimaze kurengana, uwo muryango waragabishije ko uzohagarika Sudani uheza wongera abasirikare ikindi kiringo ntabanduka c’iminsi 60. Ni ikiringo kitigeze cubahirizwa kuko n’ubu abasivile n’abasirikare bacitana bamwana kuvyerekeye ivyo guhana ubutegetsi.

Umurwi w’abaganga begereye uruhande rw’abakoze imyiyerekano wemeza ko muri ino minsi itatu iheze n’imiburiburi abanyagihugu 108 bahitanywe n’amasasu y’abasirikare bariko bagerageza kubavana ku cicaro cabo kiri ku murwa mukuru Khartoum aho bamaza iminsi bagandagaje, abarenga 500 nabo barakomereka. Abasirikare bararahira bakarengwa ko ata n’uwo bariye urwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG