Uko wahagera

Ubufaransa Buripfuza Gusubiza Bimwe mu vyo Bwasahuye Afurika


Inzu nzangamico Jacques-Chirac mu Bufaransa
Inzu nzangamico Jacques-Chirac mu Bufaransa

Ubufaransa buriko bwiyumvira gushiraho itegeko rigenewe gusubiza ibintu ndangamico vyasahuwe mu gihe ca gikoloni. Reta y’Ubufransa yashikirije ku musi wa gatatu integuro y’itegeko ryorekurira ico gihugu gusubiza bimwe mu bintu ndagamico casahuye ibihugu vyo muri Afrika mu gihe ca gikoloni.

Iryo tegeko rizoja mu nama nshingamateka kugira ryihwezwe. Muri ivyo bintu ndangamico vyo muri Afrika vyasahuwe harimwo inkota ituruka mu gihugu ca Senegal yatijijwe ico gihugu mu mwaka uheze. Itangazamakuru ry’Ubufransa ryamenyesheje ko iyo nkota ari ikirwanisho gifise insiguro ikomeye mu mateka.

Yari iy’abakorana na El Hadj Omar Tall, umutegetsi akomeye w’igisirikare akongera akaba yabaye umushakashatsi akomeye mu vyerekeye idini rya kiyislamu mu kinjana ca 19 yayoboye ibihugu bitari bike mu kiringo gitoyi.

Ubufransa kandi bwemeye gusubiza ibintu ndagamico 26 inteko zayo zo mu gihe ca gikoloni zasahuye mu mwaka w’i 1892 mu ngoro y’umwami mu gihugu ca Benin. Ivyo bintu bibitswe mu nyubakwa ndagamico, “Musee Branly-Jacques-Chirac” ku murwa mukuru, Paris. Integuro y’itegeko Reta y’Ubufransa iriko ishikiriza ishimikiye gusa kuri ivyo bintu ndangamico vyo mu bihugu vya Benin na Senegal.

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, yatangaje ubwa mbere imigambi y’ugusubiza ibintu ndangamico vyasahuwe mu gihe ca gikoloni mu mwaka w’i 2018. Hari inyuma y'uko umurwi w’abahinga mu bushakashatsi yashizeho ku vyerekeye ico kibazo bashikirije icegeranyo cabo. Iyo nteguro y’itegeko rishasha imenyesha ko ivyo bintu ndagamico bizotegerezwa gusubizwa mu kiringo c’umwaka inyuma yuko rigiye mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG