Uko wahagera

Ubudagi na ONU Vyiteguriye Inama Izokwiga Amatora ya Libiya


Ifoto y'abigeze kuba bari mu nama ku kibazo ca Libiya mu 2020

Ubudagi na ONU bizotunganya inama ku gihugu ca Libiya, izobera I Berlin kw’igenekerezo rya 23 z’uku kwezi kwa gatandatu. Iyo nama izoba ifise umugambi wo gukoranya ibihugu bikomeye vyo kw’isi bikwirikiranira hafi igihugu ca Libiya hamwe na reta yaco y’imfatakibanza.

Mu bintu bizokwigwa harimwo itegurwa ry’amatora ategekanijwe mu kwezi kwa 12 hamwe n’itahukanwa ry’inteko z’abanyamahanga. Iyo nama yatangajwe uyu musi ku wa kabiri izoba irimwo abashikiranganji bajewe imigenderanire kandi izofatira ku vyashikirijwe mu nama ya mbere yabereye I Berlii mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’2020.

Muri iyo nama abategetsi bari bemeranije kwubahiriza ibihano vyafatiwe Libiya n’imirwi y’abarwanyi vyo kudashobora kugura ibigwanisho. Bari bumvikanye kandi guhimiriza impande zose gupfundika amasezerano yo guhagarika ingwano. Igihugu c’Ubudagi kimaze igihe kigerageza kwumvikanisha impande zose.

Ibihugu bifise uruhara muri iyo nzira yo kwumvikanisha impande zose n’ibihugu vyose bitanu ntayegayezwa bigize akanama mpuzamakungu kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi, vyiyongerako Ubutaliyano, Turkiya na Emirat Zunze z’Abarabu .

Iyo nama itegekanijwe i Berlin izoba ari yo nama ya mbere, reta y’imfatakibanza ya Libiya igizemwo uruhara iserukiwe n’umutegetsi wo hejuru. Igihugu ca Libiya kiri mu kajagari kuva intambara y’abashigikiwe n’inteko za Otan batembagarije bakongera bakica umutegetsi yatwaza igitugu Moammar Gadhafi mu mwaka w’2001

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG