Uko wahagera

Ubudagi mu Matora y'Abashingamateka


Amareta abiri mu Budagi uno munsi ku wa Mungu yiriwe mu matora y’abashingamateka. Ni amatora afatwa nk’igipimo c’ingene ayandi rusangi azoba mu kwezi kw’icenda igenekerezo rya 26 azogenda.

Kuva mu 2006, amatora yo mu kwezi kw’icenda ni yo ya mbere azoba abaye Chanceliyeri w’Ubudagi Angela Merkel atarimwo. Ivyavuye mu matora yo kuri uno wa Mungu vyitezwe ko bizotangazwa ejo ku wa mbere.

Hagati aho, ivyigwa biheruka gukorwa mu Budagi vyerekana ko ibitigiri vy’abanyagihugu bashigikiye Angela Merkel vyagabanutse. Abenshi mu babajijwe bavuze ko bataciyumvamwo ubuyobozi bwiwe ahanini bivuye ku kungene Reta yitwaye mu gukemura ikibazo ca Virusi ya Corona muri rusangi n’ukwikwega kuriko kuranga itangwa ry’urucanco rw'ico kiza mu banyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG