Uko wahagera

Turukiya Yagavye Ibitero vya Gisirikare muri Siriya


Umwotsi wibonekeje ahagabwe ibitero
Umwotsi wibonekeje ahagabwe ibitero

Turukiya yatanguye ibikorwa vya gisirikare vyo kurwanya ingabo z’abakurde ziri mu buraruko bwa Siriya. Ni ingabo ubutegetsi bwo muri Turukiya bushira mu murwi w’abakora iterabwoba, ibihugu birimwo ivya rutura kw’isi navyo bikazifata nk’izidasubirizwa mu mugambi wo kurwanya umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kisilamu.

Urunani FDS ruhurikiyemwo abakurde n’abarabu biyemeje gutuza uwo muhari mu butumwa wacishije ku rubuga rwayo rwa twitter rwavuze ko Turukiya yagavye ibitero vy’indege ku birindiro vya gisirikare no ku mihana y’abanyagihugu. Urwo runani rwemeza ko mu vyegeranyo rumaze kuronka hari abasivile baguye muri ivyo bitero. Ntirwatomoye bangahe babiguyemwo.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, naryo ritangaza ko abanyagihugu batari bake begereye umupaka wa Turukiya na Siriya baja bataye izabo kubera gutekerwa n’ubwoba.

Ibihugu bitandukanye birimwo Ubufaransa, Ubudagi n’Ubwongereza vyateye ivyatsi ingendo ya Turukiya bivuga ko biza kwitura akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kugira hafatwe ingingo zishemeye.

Turukiya itanguye kugaba ibitero vya gisirikare muri Siriya bigamije kurwanya abakurde inyuma yaho ku wa Mungu perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump atangarije ko abasirikare ba Amerika bari muri Siriya babwirizwa gutahukanwa.

Uno munsi Trump yongeye gushimangira ingingo yiwe avuga ko ukuja kugarukana amahoro mu Burasirazuba bwo hagati ryabaye “ikosa rikomeye” ryatumye Amerika itakaza amamiliyari n’amamiliyari y’amafaranga y’amadorali ryongera rihitana ubuzima bw’abatari bake.

Impande zitandukanye zirimwo izegereye Trump zikomeje gutera ivyatsi iyo ngingo zivuga ko ari ugufata minenerwe umutekano w’isi mu gusubiza inguvu umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kisilamu wasa nk’uwatujijwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG