Uko wahagera

Abahinga Basaba ko Abasirikare b'Amerika Baguma muri Siriya


Abasirikare b'Amerika mu gisagara ca Manbij, muri Siriya.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umurwi w’abahoze ari abategetsi mu gisata c’umutekano mu gihugu hagati hamwe n’abandi bahinga bariko barasaba ibiro vya perezida, Maison Blanche hamwe n’abashingamateka kuba barabangiriye gukura abasirikare ba Amerika muri Siriya. Bagabisha ko bidakozwe Amerika izohura n’ingaruka zavyo.

Ibi bishikirijwe mu gihe mu mwaka uheze perezida Donald Trump yashikirije umugambi wo gutahukana abasirikare b’Amerika, kandi vyavuye mu murwi washinzwe n’abashingamateka kwiga kuri Siriya, mu gufasha igihugu kwiga umukenyuro wokoreshwa kuri ico gihugu.

Raporo y’uwo murwi yashikirijwe Kongere y’Amerika kuri uyu wa kabiri igabisha ko hakiri imyaka kugira Siriya ntibe ikiri icumbikiro ry’abakora iterabwoba hamwe n’abansi b’Amerika nk’Uburusiya na Irani.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG