Uko wahagera

Ubuhinga Bushasha bwa Turukiya bwo Kugwanya Imigwi y'Iterabwoba


Turukiya migiye gusohora za misile nshasha
Turukiya migiye gusohora za misile nshasha

Igihugu ca Turukiya kimenyesha ko kiri ku ntambwe ya nyuma yo guhingura za misile nshasha, kugira gishobore kwigukingira ibitero vy’abiyahuzi mu bisagara vyaco.

Fikri Isik, Umushikiranganji wo kwivuna abansi, yatangaje ko ubwo buhinga bumaze umwaka n’igice buriko burigwa, iyi ndwi akaba ariho buzotangura gukoreshwa mu guhagarika ibisasu vya roketi bitegwa na Reta ya Kisilamu.

Turukiya iriko irakora kandi ibigendajuru bishobora kugabisha igihe hari ibisasu bitewe.

Abdullah Agar, umuhinga muvy’umutekano amenyesha ko Igihugu ca Turukiya kiriko kiragerageza uburyo bwose cotez’imbere ubuhinga bwo kwikinga umwansi, yamara ko n’ibihugu vya Isirayeli na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyakoresheje ubwo buhinga, basanga budakingira ijana kw’ijana.

XS
SM
MD
LG