Uko wahagera

Turukiya Ikomeje Kugaba Ibitero muri Siriya


Akanama ka ONU kajejwe umutekano kuri uno wa kane karaza gukorana ku kibazo c’ibitero vya gisirikare Turukiya yagavye mu buraruko bwa Siriya.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Turukiya bwemeje ko ivyo bitero vyatanguye kugabwa ejo ahari ibirindiro vy’ingabo z’abakurde n’uno munsi vyakomeje ata ntambamyi.

Urunani ruhurikiyemwo amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike muri Siriya ruvuga ko n’imiburiburi abantu 15 barimwo abasivile bahitanywe n’ivyo bitero vyakomerekeje abarenga 40. Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan nawe yavuze ko ingabo z’abakurde zimaze kwicwa 109.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rikesha igisata cayo muri Turukiya yemeza ko ibisasu vya mortier vyaterewe mu karere kitwa Tal Abyad ejo vyavugwa ko katewe na Turukiya, vyasambuye amazu atari make yo mu burasirazuba bwa Turukiya.

Hagati aho, Reta zunze ubumwe za Amerika zahakanye ko zitigeze zirekurira Turukiya gutera Siriya. Umushikirangaji ajejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu Mike Pompeo yavuze ko mu kiganiro yagiranye na Perezida Erdogan yamubwiye ko gutera Siriya ari iciyumviro kibi.

Turukiya iriko igaba ibitero muri Siriya inyuma yaho perezida wa Amerika Donald Trump avugiye ko Amerika igiye gutahukana abasirikare bayo bari muri Siriya.

Impande zitandukanye ziriyamiriza iyo ngingo zivuga ko ari uguhemukira abakurdes bafatikanije na Amerika mu gutuza umuhari w’iterabwoba wiyitirira Reta ya Kiyisilamu no kongera kuwuha inguvu.

Perezida Trump yatangaje ku ruhande rumwe ko Amerika itazoheba abakurdes, ku rundi ruhande naho ikeza Turukiya “yafashije mu gukiza ubuzima bw’abatari bake” mu ntara ya Idlib iri mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, yongera atumira Perezida Erdogan mu kwezi kuza muri White House.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG