Uko wahagera

Turkiya: Abasirikare 9 Bapfiriye mw'Isanganya ry'indege


Impanuka, yabaye uno musi ku wa kane muri Turukiya yahitanye abisikare 9 bari muri iyo ndege ya kajugujugu y’igisirikare, abandi 4 barakomereka nkuko bitangazwa n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi. Yabereye mu ntara ya Bitlis ibamwo abanini abakurde. Icatumye iyo mpanuka iba nticamenyekanye buno nyene.

Iyo ndege ya kajugujugu yo mu bwoko bwa Cougar yari igiye ahitwa Tatvan ivuye mu ntara iri hafi yaho ya Bingol igihe yazimangana kuri radar hafi y’isaha umunani n’iminuta mirongo ibiri n’itanu yo ku mutaga mu masaha yaho. Abakomeretse bajanywe mu bitaro.

Akarere iyo mpanuka yabereyemwo n’akarere aho inteko z’igihugu ca Turkiya zimaze igihe zirwanya abarwanyi b’umuhari, “Kurdistan Workers’s Party”, PKK mu mpfunyapfunyo, waziririjwe mu gihugu.

Ingwano hagati y’izo mpande zibiri yahitanye abantu ibihumbi n’lbihumbi kuva mu mwaka w’i 1984.

Reta zunze ubumwe za Amerika n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya bibona umuhari PKK nk’umurwi w’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG