Uko wahagera

Tuniziya ku Ncuro ya Mbere Yagenye Umugore mu Mabanga Akomeye


Najla Bouden, Yagenywe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere wa Tuniziya
Najla Bouden, Yagenywe mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere wa Tuniziya

Prezida wa Tuniziya uyu musi yagenye uwitwa Najla Bouden Romdhane mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere aca amusaba gushinga reta nshasha. Igenwa ryiwe ribaye haheze amezi abiri Saied afashe ubutegtsi nka bwose. Abatavuga rumwe nawe bavuga ko ivyo yakoze bimeze nka kudeta.

Romdhane agiye kuba umushikiranganji wa mbere w’umupfasoni, azotangura amabanga yiwe mashasha mu gihe intambwe mu nzira ya demokrasi ico gihugu cakoze mu mwaka w’2011 isa n’iyatosekaye, kandi mu gihe ubutunzi bwaco bwifashe nabi.

Saied yakuye umushikiranganji wa mbere yahahora, yongera ahagarika inama nshingamateka aca yigungirako ubutegetsi bwose mu kwezi kw’indwi. Kuva ico gihe Abanyatuniziya hamwe n’amakungu baguma bamuremera basaba ko atunganya reta nshasha. Mu ndwi iheze, yaratangaje ko ashobora kwihoza ibwirizwa shingiro, agatwara yishimikije ingingo z’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG