Uko wahagera

Trump Yipfuza ko Integuro y'Itegeko Rigenga Abimukira Ryirwa Inyuma y'Amatora


Perezida wa Amerika Donald Trump yahamagariye abashingamateka b'Abarepublikani kudatora integuro y'itegeko rigenga abimukira imbere y'uko amatora yo hagati y'ikiringo ciwe aba mu kwa cumi na rimwe.

Trump yasiguye ko abashingamateka bo mu mugambwe wiwe boreka "Gutakaza umwanya" ku bibazo bijanye n'abimukira gushika hatowe abandi bashingamateka n’abakenguzamateka.

Perezida Trump yongeye yagiriza aba Demokarate ko ata mugambi bafise wo gutorera inyishu ibibazo bitandukanye bivugwa mu gisata c'abimukira. Trump yagize ati:" Bariko bakina imikino."

Kuri uno wa gatanu Trump yakiriye mu biro vyiwe abamaze kuburira ababo mu bwicanyi bwakozwe n'abantu binjiye mu buryo bunyuranye n'amategeko, aho baciye birya n'ino ikibazo c'abimukira.

Mu gihe hasigaye amezi atanu ngo habe amatora y'abashingamateka n'abakenguzamateka, Abademokrate bafise icizere ko bazotsindira ibibanza bihagije mu kwezi kw’icumi na rimwe kugira bayobore inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG