Mu kwugurura ibikorwa vy’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bizomara indwi mu gisagara ca New York, perezida w'Amerika Donald Trump, yavuze ko igitigiri c’abantu bahitanywe n'ibiyayura mutwe ciyongeye ibice 60 kw’ijana mu myaka 15 iheze.
Trump avuga ko icegeranyo co mu mwaka w’i 2018 cerekanye ko umwimbu w’ibiyayuramutwe vya "cocaine" na "opium" wiyongeye cane mu makungu.
Perezida w'Amerika yahamagariye amakungu gukorera hamwe mu ntumbero yo kugabanya umwimbu w’ibiyayuramutwe n’ababikoresha.
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yashimiye Trump ku majambo yiwe ahimiriza guhagurukira ikibazo c'ibiyayuramutwe.
Facebook Forum