Uko wahagera

Tanzaniya Yoba Yimirije Guhagarika Gufasha Impunzi?


Zimwe mu mpunzi z'Abarundi muri Tanzaniya

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli, yatangaje ko igihugu ciwe gitegekanya kuvavanura n’umugambi wa ONU washizweho ugamije gufasha impunzi guhangana n’ukumenyera ubuzima mu bihugu biba vyabakiriye.

Perezida Magufuli kuri uno wa gatanu, yasiguriye aba diplomate bari kumwe i Dar es Salaam mu birori vyo kwipfurizanya umwaka mwiza, ko kuvavanura n'uwo mugambi bitewe n’ibibazo vy’umutekano muke n’uburyo buke.

Impunzi zigwiriye muri Tanzaniya, ni impunzi z’Abarundi n’Abakongomani.

Igisata ca ONU citaho impunzi kw’isi HCR, kivuga ko Abarundi barenga ibihumbi 250 aribo bahungiye muri Tanzaniya kuva muri 2015.

Mu mwaka uheze, igihugu ca Tanzaniya cari cabaye kirahagarika guha ubwenegihugu impunzi z’Abarundi no kwakira bashasha. Ingingo yari yatewe ivyatsi n’amashirahamwe atari make aharanira agateka ka zina muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG