Uko wahagera

Tanzaniya Yatangije Isekeza ry'Ugukingira Abanyagihugu Covid-19.


Prezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan
Prezida wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan

Prezida wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan yatanguje isekeza ry'ugukingira abanyagihugu ikiza ca Covid-19. Prezida Hassan yicandagishije ku mugaragaro uno musi ku wa gatatu. Ni ikimenyetso kigaragara cuko yitandukanije n’imigambi y’uwo yasubiriye nyakwigendera, John Magufuli, yagumye afata minenerwe inkurikizi z’ikiza ca Covid-19. Yiteje urucanco rwa Johnson & Johnson mu biro vyiwe ku murwa mukuru, Dar es Salaam.

Igihe yatanguza iryo sekeka, Prezida Hassan yatangaje ko bazokora ibishoboka vyose kugira igihugu kironke incanco zikwiye ku bantu bose bashaka kwicandagisha. Yari kumwe n’umushikiranganji wa mbere, umucamanza mukuru w’igihugu n’abandi bategetsi nabo nyene bicandagishije hamwe nawe. Yarondeye guhumuriza abanyagihugu ko ata bibazo ico ncanco zifise. Yamenyesheje ko yashatse gutanga akarorero ku banyagihugu mu kwicandagisha.

Prezida Samia Suluhu Hassan yagiye ku butegetsi inyuma y’urupfu mu kwezi kwa gatatu rwa prezida John Magufuli yari yagabishije abanyagihugu kudafata ncanco z’ukwikingira ikiza ca covid-19. Kuva ico gihe, reta yarahinduye ingendo. Muri iki gihe abategetsi basaba abanyagihugu kutegerana hamwe n’ukwambara udufukamunwa mu gihe bari hanze y’ingo zabo.

Mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka, Tanzaniya yarinjiye mu mugambi wa COVAX ujejwe kuronsa ibihugu bikenye kurusha ibindi incanco z’ukwikingira.

Ikiza ca covid-19. Ico gihugu caronse incanco za mbere zirenga umuliyoni za Johnson & Johnson mu ndwi iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG