Uko wahagera

Impunzi Zigeramiwe n'Ikibazo c'Isuku muri Nduta muri Tanzaniya


Umwana agiye mu kazu ka Sugwumwe
Umwana agiye mu kazu ka Sugwumwe

Haraciye ikiringo c’imyaka irenga 4 impunzi z’Abarundi zahungiye mw’ikambi ya Nduta zidasanurirwa utuzu twa sugwumwe. Imiryango 4 igenewe gukoresha akazu ka sugwumwe, umwidogo ni mwishi y’uko indwara harimwo amacinya zizohava zaduka mu misi iza.

Bamwe mu bageramiwe n’ikibazo c’utuzu twa sugwumwe cyane cyane n’ imiryango ituyemwo abana benshi, mukuja kwituma, usanga batonze umurongo cyane cyane mu gitondo kubera baba bariko barihuta kuja kw’ishure.

Kamwe muri utwo tuzu, karuzuye kubera haciye imisi myinshi batarabasanurira, ibyo bigatuma ingaruka mbi harimwo abana bagwaragurika kubera imicafu itumwa n’iyo myuzurire y’utuzu twa sugumwe

Kwiyubakira akazu ka sugwumwe mu nkambi ni akazi katoroshe rwose kubura ibikoresho cyane cyane ivyo kwimbisha hamwe ni ibiti vyo gushira hejuru. Ku bw’iyo mpamvu basaba amashirahamwe kubafasha, cyane cyane buri umuryango ugire akazu ka sugumwe kawo.

Kubera ikena ry’amafaranga, amashirahamwe Oxfarm hamwe na Danish Refugee Council ajejwe kwubakira impunzi utuzu twa sugwumwe, mu ndwi iheze yaragabishije buri umuryango kwiyimbira umusarani no gufyatura amatafari, ayo mashirahamwe yemeje ko umuryango uzoshobora kwikorera ako kazi uzoronswa amabati hamwe n’ibiti byo gushira hejuru.

Naho biri uko hafi igice cy’abatuye mu nkambi ya Nduta ntibarashobora kwimba iwese bigatuma baja kwituma mu mashamba ari hafi yabo, bigatuma indwara ziba nyinshi cyane cyane mu bana bakiri bato.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG