Uko wahagera

Tanzaniya Isaba Amakungu Guheba Amadeni Afurika Iyafitiye


Perezida w'igihugu ca Tanzaniya yasaye amakungu guhebera amadeni ibihugu vya Afrika biyafitiye. Ivyo kugira bifashe mu rugamba rw'ukurwanya ikiza c'umugera wa Corona.

Prezida John Magufuli yateye ako kamo ku musi wa gatatu. Gushika ubu, abantu 284 ni bo bamaze kwemezwa ko bafise umugera wa Corona muri Tanzaniya. Abategetsi b’ico gihugu basavye abanyagihugu kwubahiriza ivyerekeye isuku kugira bigabanye abandura uwo mugera. Yamara yariyamirije gushika ubu akamo k’ugufata ingingo iziririza ababa ku murwa mukuru, Dar es Salaam, kuva mu ngo zabo.

Prezida Magufuli avuga ko uwo murwa mukuru urimwo ikivuko, kandi ko igice kinini c’amafranga Reta yinjiza mu kigega ava mu gisagara. Kubera izo mvo badashobora guhagarika imirimo muri ico gisagara.

Mw’ijambo rye, yatangaje ko ibihugu vyo muri Afrika bidafise uburyo nk’ubw’ibihugu vy’i Bulaya mu bijanye n’ubutunzi. Yasavye vy’umwihariko ibanki y’isi yose ko ah’ugutanga ayandi madeni mu ntumbero y’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona, yotegerezwa guhebera amadeni ibihugu vya Afrika biyifitiye.

Tanzaniya ikoresha imiliyoni 300 y’amadolari uko ukwezi gutashe agenewe kuriha amadeni yayo. Amadolari agera ku miliyoni 90 muri yo arihwa ibanki y’isi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG