Uko wahagera

Tanzaniya: Impunzi z'Abarundi Zikeneye Ibikoresho byo mu Burezi bw'Abana


Abanyeshuli mu cyumba cy'ishuli mu nkambi ya Nduta
Abanyeshuli mu cyumba cy'ishuli mu nkambi ya Nduta

Abanyeshuli b'impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya bakomerewe n’ikibazo co kutaronswa ibikoresho bya nkenerwa harimwo impuzu z'ishuli bituma baja kwishuli biyambariye impuzu zisanzwe. Ni mu gihe abandi bigira musi y’ibiti kubera ikibazo c’amashuli make.

Ijwi ry’Amerika yasuye ishuli ritoya muri zone ya 10 mu nkambi ya Nduta dusanga abanyeshuli biyambariye imipira n’amakabutura asanzwe, harimwo bakeyi cane usanga bambaye impuzu z'ishuli, abafise ibirato na bo ni bake cyane.

Bamwe mu abanyeshuli bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika bemeza ko kuronka ibikoresho byo kwishuli ari ikibazo gihambaye cyane muri iyi misi.

Amashirahamwe ajejwe ibibazo by’abanyeshure na yo ngo amaze ikiringo c’umwaka urenga atarabaronsa ibikoresho nk'amakaye cyangwa impuzu z'ishuli.

Umwigisha wo kuri iryo shuli ritoya mu nkambi ya Nduta yemeje ko hari ibibazo bihambariye abanyeshure harimwo kwigira munsi y’ibiti abari mu wa mbere gushika mu wa kane no kubura ibikoresho ari bimwe mu bituma benshi batamenya bagahumurira guheba amashure.

Bamwe mu babyeyi bahaye ikiganiro ijwi ry’Amerika bavuga ko abana babo batiga nkuko bisabwa bigatuma batamenya neza ivyigwa. Bavuga ko ata bushobozi bafise bwo kugurira abana ibikoresho bya nkenerwa keretse gutegereza ivyo bahawe.

John Msuha, umuvugirizi w’ishirahamwe Save the children rikorera mu gisata c’uburezi mu nkambi ya Nduta akaba ari ryo rijejwe ibibazo by’abanyeshuli, yemeza ko iryo shirahamwe rishoboye gufasha abanyeshuli 7800 gusa buri mwaka. Mu gihe abanyeshuli barenga 13400 ari bo bakeneye imfashanyo mu nkambi ya Nduta.

Save the children rivuga ko mu nkambi ya Nduta hari ishuli zitoyi 11 zigize abanyeshuli 15350. Iryo shirahamwe rifasha abanyeshuli bo mumashure 7 ayandi mashure 5 na yo afashwa n’ishirahamwe Caritas.

Kubera iyo mpamvu iryo shirahamwe ritabariza HCR kongera ubufasha bwo gufata mu mugongo amashirahamwe ajejwe ibibazo by’ abanyeshuli n’uburezi mu nkambi za Nduta, Mutendeli na Nyarugusu kugira ngo abakeneye imfashanyo bose bazironke nkuko bigenewe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:45 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG