Tanzaniya ivuga ko yatujije umugera wa corona ibicishije mu gisabisho. Ico gihugu gikomeje gutungwa urutoke ko gifata minenerwe ivya COVID19, kibitangaje mu gihe hari Abatanzaniya 50 batwara imiduga yo mu bwoko bw'amakamiyo basanganywe ubwandu .
Tanzaniya n'Uburundi ni vyo bihugu bigize umuryamgo w'akarere ka Afurika y'Ubuseruko bitigeze bifata ingingo zo kugumiza abanyagihugu mu ngo zabo. Perezida John Magufuli, yumvikanye akatari gake anebagura abakomeje gushikiriza amakenga kuri ico kiza muri Tanzaniya.
Hambavu y'ukwanka kwugara amasengero, imisigiti hamwe n’ibibanza bikoraniramwo abantu benshi, Perezida Magufuli yavuze ko atemera ibipimo bikoreshwa mu gutora abanduye iyo ngwara.
Facebook Forum