Uko wahagera

Sudani: Uwigeze Gutwara Umugambwe Wahora ku Butegetsi Yafunzwe


Ibrahim Ghandour yigeze kuyobora umugambwe wari ku butegetsi muri Sudani ku ntwaro ya Prezida Omar al-Bashir,
Ibrahim Ghandour yigeze kuyobora umugambwe wari ku butegetsi muri Sudani ku ntwaro ya Prezida Omar al-Bashir,

Ibrahim Ghandour yigeze kuyobora umugambwe wari ku butegetsi muri Sudani ku ntwaro ya Prezida Omar al-Bashir, kandi yigeze kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire, yasubiye guhagarikwa uno musi ku wa mbere. Ihagarikwa ryiwe ribaye hari haheze umusi umwe arekuwe nk’uko bitangazwa n'umuryango wiwe.

Irekurwa ryiwe hamwe n’abandi batari bake bari bacuditse na Bashir ryari ryanebaguwe n’abarwanya intwaro y’igisirikare inyuma ya kudeta yabaye mu ndwi irangiye.

Ghandour yari yatawe mu mvuto imbere y’aho bisabwe n’umurwi w’abashaka gusambura no kwigiza kure intwaro ya Bashir yamaze imyaka 30. Iyo ntwaro yarangiye mu mwaka w’i 2019.

Yari yarekuwe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana urangiye hamwe n’abandi bahoze ari abategetsi bajejwe iperereza ku ntwaro ya Bashir. Abandi bayobozi b’idini rya kiyislamu 2 bari bacuditse nawe, harimwo n’umugawizatunga yitwa Abdelbasit Hamza, nabo nyene bari bararekuwe ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.

Umushingwamanza mukuru w’igihugu ca Sudani yakuwe mu mabanga yiwe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana.

Umuvugizi w’ibiro vya reta agishigikiye abategetsi b’abasivile bakuwe ku butegetsi mu ndwi irangiye yatangaje ko irekurwa ry’abo bantu ari ugusubira inyuma ku bijanye n’iyubahirizwa ry’inzego za reta n’amategeko y’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG