Uko wahagera

Sudani: Umutekano Uracungerewe Cane mu Gihe Hitezwe Imyiyerekano


Abajejwe umutekano muri ico gihugu bugaye amabarabara makuru yose agana ku nyubakwa za reta no ku makambi ya gisirikare ku murwa mukuru Khartoum kuri uyu wa kane mu kwitegurira imyiyerekano yatumweko n’amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu.

Iyo myiyerekano yitezwe ku murwa mukuru no mu bindi bisagara vyo mu gihugu hagati, ifise intumbero yo gusaba ko haba ubutungane ku bantu bose bishwe mu mwaka w’2019, igihe reta yariko iratuza abatavuga rumwe nayo, bari mu myiyerekano.

Itunganijwe kandi mu ntumbero yo kwibuka imyaka ibiri iheze, aho kw’igenekerezo rya 3 ry’ukwezi kwa 6, imyiyerekano yariko ibera imbere y’amakampi y’igisirikare ku murwa mukuru hamwe no mu bindi bisagara vyo muri ico gihugu, itujijwe.

Ivyo vyabaye inyuma y’aho igisirikare gikuriye umutegetsi yamaze imyaka myinshi atwaza igitugu, Omar al-bashir, bivuye ku myiyerekano y’abanyagihugu bariko biyamiriza intwaro yiwe yamaze imyaka ishika 30.

Sudani kiriko kiragerageza gusubira mu ntwaro ya demokarasi. Muri iki gihe kirongowe n’abasirikare bafadikanije n’abasivile muri reta y’imfatakibanza ihanzwe n’ibibazo vy’ubutunzi n’umutekano.

Imyiyerekano y’uyu musi ku wa kane yatumweko n’amashirahamwe abiri, Sudanese Professionals Association hamwe na Resistance Committees, yompi yagize uruhara ruhambaye mu myiyerekano yo kwiyamiriza al-Bashir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG