Uko wahagera

Sudani Itangaza ko Ubutegetsi buri mu Minwe y'Abasirikare


Bamwe mu basirikare ba Sudani
Bamwe mu basirikare ba Sudani

Muri Sudani, abategetsi batangaje kw’ubutegetsi buri mu minwe y’abasirikare inyuma y’aho kudeta itesherejwe. Ejo ku musi wa kabiri ni ho abo bategetsi batangaza ko akagwi k’abasirikare kari kagerageje gutembagaza ubutegetsi, kananiwe. Ivyo vyagaragaje ukuntu inzira ya demokrasi muri ico gihugu ikijegajega imyaka irenga ibiri inyuma y’aho igisirikare gikuriye ku butegetsi umutegetsi yatwaza igitugu Omar al-Bashir.

Televiziyo ya reta yateye akamo abanyagihugu kabasaba kwiyamiriza no gutesha iyo kudeta. Umwe mu basirikare bakuru, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press ko akarwi k’abasirikre bakoresha ibimodoka vy’intamenwa ari bo bari inyuma y’iyo kudeta kandi ko bari bagerageje gufata inzego za reta zitari nke.

Yasiguye ko abasirikare barenga 40 barimwo abasirikare bakuru bamaze guhagarikwa. Umushikiranganji wa mbere Abdakka Hamdok avuga ko abahoze muri reta ya al-Bashir ari bo bari inyuma y’iyo kudeta mu ntumbero yo kubirizamwo demokrasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG