Abantu 60 bavugwa ko bishwe mu gitero cakozwe mu ntara ya Darfur muri Sudani. Ni mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi irangiye mu mihana iri mu ntara ya Darfur. Iyo nkuru yatangajwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku musi w’Imana, yemeza ko abandi bagera kuri 60 bakomeretse.
Ntaco reta yatangaje icese kuri ico gitero. Itororokanirizo ry’amakuru, Reuters rikaba ritashoboye gushikira abategetsi ba Reta ya Sudani kugira baganire ico babivuzeko. Reta ya Sudani yatangaje ku musi w’Imana ko izorungika inteko muri Darfur inyuma y’uko uruhagarara n’ubwicanyi bisubiye kwiyongera mu bihe vya vuba.
Umushikiranganganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hadmok, yatangaje ko inteko zizorungikwa mu bice vyose bigize iyo ntara kugira zikingire abanyagihugu baho. Yabitangaje inyuma y’uko abonanye n’umurwi w’abapfasoni baserukira intara ya Darfur.
Urwego rujejwe umutekano muri Sudani ruratangaza akamaro k’ugukoresha inguvu zikenewe mu ntumbero y’ugukingira abanyagihugu, guhangana n’abatera akajagari hamwe n’ugukingira uburinganire bw’abanyagihugu.
Facebook Forum