Uko wahagera

Sudani: Amashirahamwe Yigenga Atabariza Abana Bugarijwe n'Inzara


Isanamu y'Umwana yerekana ibisigarira vy'amasasu

Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Sudani atabariza abana bagera ku 14.000 batariko baronka uko bivuza n'ico bafungura bivuye ku ntambara.

Mu itangazo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineze y’abana, Save the Children, ryasohoye uno munsi ryasiguye ko intambara z’amoko hagati y'abarimyi n'aborozi zimonogoje mu burengero bw’intara ya Darfour zatumye ryugara amavuriro abiri yahora asahiriza mu kuvura abana bo muri ako karere no mu kubaronsa ibifungurwa.

Iryo shirahamwe ryashikirije kandi amakenga y’uko ituze ritagarutse ngo ayo mavuriro yabo yongere yugurure, ibitigiri vy’abana bazobandanya bahura n’ako kaga bizokwiyongera. Ryibukije ko iki kibazo kije mu gihe abana barenga umuriyoni mu gihugu cose bugarijwe n’inzara.

Igisata ca ONU kijejwe gutabara abari mu ngorane n’ibiza,OCHA, muri Sudani na co catabarije imiryango irenga 2000 yabuze ayo icira n'ayo imira inyuma y'igitero co ku wa 25 uku kwezi.

Ico gitero cahitanye abarenga 60, gikomeretsa 88 harimwo indembe. Mu bo cahitanye, harimwo abana 5 bakiguyemwo na 9 bagikomerekeyemwo. Ishirahamwe Save the children rikiyama ababikora ribasaba kurengera amatati bagashira ineza y’umwana imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG