Uko wahagera

Somaliya Yahagaritse Imigenderanire n'Igihugu ca Kenya


Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed wa Somalia
Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed wa Somalia

Ingingo ya Somaliya y’uguhagarika imigenderanire na Kenya itangajwe mu gihe ico gihugu cariko cakira abayobozi b’intara ya #Somaliland yiyonkoye kuri Somaliya.

Abategetsi ba Somaliya ku musi w’ejo bagirije Kenya ko kibandanya kwivanga mu bibazo vya politike vy’igihugu cabo. Ni mu gihe Somaliya iriko yitegurira amatora amaze igihe kirekire arindiwe. Icuka kibi kimaze igihe ciyongera hagati y’ivyo bihugu vyompi.

Ingingo ya Somaliya y’uguhagarika imigenderanire na Kenya itangajwe mu gihe ico gihugu cariko cakira abayobozi b’intara ya Somaliland yiyonkoye kuri Somaliya. Reta y’iyo ntara ntiyemewe na reta y’i Mogadisho ibona ko yegukira Somaliya.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati muri Somaliya, Osman Abukar Dubbe yabwiye abamenyeshamakuru ko abaserukira Kenya muri ico gihugu bahawe imisi 7 kugira babe bahavuye. Abaserukira Somaliya muri Kenya batumweko gutahuka mu gihugu cabo.

Reta ya Somaliya ibona abanyakenya nk’abantu bakunda amahoro bashaka kubana mu mahoro n’abandi bantu baba mu karere.Yamara itangaza ko abayobozi ba Kenya bariko bakora kugira batandukanye izo mpande zompi.

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha ko bafashe iyo ngingo kugira bishure ku kwivanga ku mugaragaro kwa Kenya mu bibazo vy’igihugu cabo n’ukurenga ku bwigenge bwaco.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG