Uko wahagera

Somaliya: Bombe Yatezwe mu Modoka Yahitanye 16 Ikomeretsa 17


Ahabereye ico gitero

Abantu 16 bapfuye abandi 17 barakomereka igihe bombe yari yatezwe mu modoka yaturika uno musi ku wa kane hanze y’uburiro ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Ababonye ivyabaye babwiye Radiyo Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, ko iyo bombe yaturikiye kw’ibarabara ryitwa Maka Al-Mukarama, ririmwo uruja n’uruza rukomeye.

Umwe mu babonye ivyabaye, atashatse ako izina ryiwe rimenyekana, yatangaje ko imodoka yuzuye amabombe yari ihagaze ku murongo hamwe n’izindi modoka imbere y’uburiro. Atangaza ko cari igihe abantu benshi bariko barahafungura, kandi ko igice co hejuru c’ubwo buriro bwitwa Bilsan casenyutse.

Abategetsi bajejwe za rusehabaniha batangaza ko abandi bantu 6 bari bakomeretse bapfuye mu gihe bari bajanywe mu bitaro.

Umurwi w’intagondwa z’abayislamu, al-Shabab, wiyitiriye ico gitero. Uwo murwi uragira kenshi ibitero ku mahoteri n’uburiro ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Ku musi wa gatandatu abarwanyi ba al-Shabab baragize igitero mu nyubakwa ya Reta ku murwa mukuru Mogadisho, bica abantu 15.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG